Burundi Friends Church
  • Kaze
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
    • Ivyacu & Abatuyobora
    • Kahise kacu
    • Ikurikirana ry'Amanama
    • Itunganywa ry'Ishengero
    • Aho Duherereye
  • Twandikire
  • Log in
    • Login
    • Register
  • 0

    Your cart is empty.

  • Kirundi (Burundi)
    • English
    • Français
    • Kirundi (Burundi)

Ivugabutumwa - Inzira Itoroshe: Inkuru Ya Pasitori Ntawutunga Bernard

Namenye pasteur Ntawutunga Bernard nciga mu mashure yisimbuye, haraciye imyaka irenga 20. Yambereye umuvukanyi mwiza hamwe n' umuntu ampa impanuro zitandukanye. Aho ngeze uyu musi haba mu vy' ubuzima, ukwizera n umuhamagaro, ndabikesha abantu nkaba, batavuga amajambo gusa ariko bayaherekesha ibikorwa.

  Mu misi iheze twaramugendeye aho akorera igikorwa c' ubwungere guhera muri 2020. N' urugendo rw' amasaha 6 uvuye i Bujumbura kandi n' ahantu hagoye gushika kuko haraho bigusaba kwiyunguruza n' ubwato. Dushitseyo abantu baratunezerewe cane  ku buryo badutegereye badutera amashurwe turiko turinjira aho basengera, indirimbo zo guhimbaza Imana zitavanako. Ayo mashengero arongoye ukwo ari abari arimwo abakristo barenga ijana. 

Pasteur Bernard afise umutwaro wo kubona ubutumwa bwiza bukwiye intara yose ariko arakoreramwo, yaratanguye mbere kurondera ikibanza co gusengeramwo ku murwa mukuru w' intara aho bamusavye ama milioni menshi. 

Muvyerekeye ivugabutumwa har inzira nyinshi zoguterera:
1. Kugenda kugira ubane n'abo ubwira ubutumwa bwiza
2. Gushigikiriza uburyo bw'amahera n ibindi abagiye
3. Kuremesha abagiye hamwe n umuryango wabo
4. Kubasengera.

Mugihe wumva hari na kimwe wokora kubw ivugabutumwa mw' ishengero ry' abagenzi mu Burundi wotwandikira inbox/burundifriends@yahoo.com canke utwandikire ufyonze kuri runo rubuga rwacu.

Iyi nkuru yanditswe na Pasitori Louis NIZIGIYIMANA
(Uwuserukira Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi imbere y'amategeko)
26 Mar 2021
Evangelization Community Reach Latest
  • Facebook
  • Twitter
Share

‌Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi.
‌Umuryango w'Abakristo uhayagiza Imana mu bumwe no mu bikorwa vy'Iterambere. 
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
  • Twandikire

‌Aderesi: Avenue de l'Industrie, N° 20
‌Terefone: +257 22 21 62 55‌
‌Imeri: support@burundifriendschurch.org
‌P. Box: 1198, Bujumbura Burundi
Iyandikishe ku Kinyamakuru
Thank You! Your message successfully sent!
Imbuga zacu

Copyright © Burundi Evangelical Friends Church. All Rights Reserved.

Designed by Young Israel Izere

person
exit_to_app

or

Back to Login