Burundi Friends Church
  • Kaze
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
    • Ivyacu & Abatuyobora
    • Kahise kacu
    • Ikurikirana ry'Amanama
    • Itunganywa ry'Ishengero
    • Aho Duherereye
  • Twandikire
  • Log in
    • Login
    • Register
  • 0

    Your cart is empty.

  • Kirundi (Burundi)
    • English
    • Français
    • Kirundi (Burundi)

Gutanguza umugambi wo gushigikira abapfakazi n'iterambere ry'imiryango

Ishengero Mvugabutumwa ry'Abagenzi  ryamye ryitwararika Amahoro n'Iterambere ry umuntu, umuryango , ikibano n'igihugu kuva ritanguye 1934.

 Hamwe n'inyota idasanzwe yo gukwiza Ubutumwa Bwiza bw'Umwami Yesu, kwubaka amashengero mu gihugu, iterambere rusangi mu kurangura imigambi yo guteza imbere igisata c'indero, amashure y'imyuga, amashure y'Ijambo ry'Imana, Ibitaro bikuru, amavuriro matoto, ni rimwe mu mashirahamwe yigenga ryashoboye kuzana impinduka n' iterambere rirama aha mu Burundi no ha nze yaho. 

Ishengero ririfatanya n'imigambi ya Leta  mutwigoro two kuremesha  amahoro n' iterambere rirama mu gushiraho imigambi yo kuvura ibikomere vya kahise, mu kwigisha abantu kwirinda ihohoterwa, kubigisha gutatura amatati bidaciye mu ngimba, vyose biciye mu nyigisho zibera mu kibano ndetse no mu mamashure.  Riranarungika indorerezi mu guhagarikira amatora mu bihe vyayo tutibagiye inyigisho ku benegihugu zibahamagarira gukunda no kwitwararika igihugu. Rirongera rigashigikira imigambi yokurwanya indwara ziva kw'isuku rike mugushobora kwubakira amabombo  atanga amazi meza mu bice vy'igihugu bikiri inyuma y'amajambere. Riranashigikira abahuye n' ibiza mu kubaronsa udukoresho twa nkenerwa ndetse n'ibifungurwa kugira bikenure .

 

Ishengero ry'Abagenzi riritaho impfuvyi n'abapfakazi, abatishoboye ndetse n Abasangwabutaka, mu gushira imbere umukenyezi mu kubashigikira biciye mu migambi mito mito y'iterambere, nko kworora ibitungwa bishobora gusahiriza mw 'iterambere ry' ingo n'imiryango  bagashobora kwikenura muri twankenerwa  twa misi yose, kwivuza, kurihira abana amashure  ba ntahonikora, nutundi.  Ivyo bitungwa bigizwe n'inkwavu ndetse n'impene, biciye mu guhanahana ivyo bitungwa, umuryango wokorera uwundi; ivyo bikazigama n'ubumwe hagati yababisangira.

 

img-7801.JPG

Mu ntumbero yo gushigikira umugambi wa Leta   wokworora urukwavu, kw igenekerezo rya 16 Ntwarante 2024,  Ishengero ry Abagenzi ryifadikanije n'abasanzwe barifata mu mugongo ryatanguje umugambi  witwa «WIDOWS RESILIENCE AND FAMILY DEVELOPMENT. »  canke  « WRFD mu mpfunyapfunyo  » twoshobora gusigura mu kirundi GUSHIGIKIRA ABAPFAKAZI N ITERAMBERE RY IMIRYANGO . »

Muruwo mugambi buri muryango w'abapfakzi urahabwa  inkwavu zibiri  « urushashi n'urupfizi » hanyuma bakazokwokorera abandi  igihe zimaze kuvyara. Ihangiro ni gushika kubantu canke imiryango ibihumbi bibiri « 2000 » harimwo imiryango y'abappfakazi, abo mu bwoko bwa abatwa, n'abatishoboye mu kiringo c umwaka . 

Uwo mugambi  watangurijwe muri komine Ruhororo  ku mitumba ya Ruyaga hamwe na Rwamiko ukazobandaniriza muyindi mihingo yigihugu  bivanye nuko uruhererekane rwizo nkwavu ruzotera ruja imbere  ndetse n'uburyo buzoboneka bwabawushigikira. Twobamenyeshako dutanguje inkwavu 146 zihawe imiryango 73.

Twitezeko imiryango izoshobora kwiteza imbere biciye mu bworozi bw'urukwavu bashobore kwikenura, no kwigurira utwankenerwa, kwigurira ibikoresho vy'ishure vy' abana, ndetse no gushira imbere umukenyezi w'umurundi mu guterera mw'iterambere ry' umuryango. Ibice birenga gato 96 ni abakenyezi bari muri uwo mugambi. Izo nkwavu zizobandanya zihanahanwa mu kibano.

img-7441.JPG

 Uburyo buriko burafasha bwaciye kumwe mu bagize ishengero yitwa Salomon NTIBAHARIRE  yaduhuje n Umugiraneza . Twagomba gutera akamo buri muntu wese abishoboye kugira ico akoze canke uwoshobora kuduhuza n' abodufata mu mugongo ko yoshikana ubu butumwa kure kugira aterere  mw iterambere ry'ikibano, n abanyeshengero ubwabo  biciye muri uyu Mugambi.

 Ibindi bikorwa vyaranguwe mu gisata co gukarukira ku bafise amikoro make, fyonda aha hepfo:

Gushigikira abagendana umubuga muri komine Nyabihanga
Gutanga amazi meza mu ntara ya Kirundo
19 Mar 2024
Burundi Breeding Ruhororo Agriculture Friends Church Burundi Widows Burundi Vision 2040 And 2060
  • Facebook
  • Twitter
Share

‌Ishengero ry'Abagenzi mu Burundi.
‌Umuryango w'Abakristo uhayagiza Imana mu bumwe no mu bikorwa vy'Iterambere. 
  • Ibikorwa
  • Amakuru
  • Amasango
  • Ivyacu
  • Twandikire

‌Aderesi: Avenue de l'Industrie, N° 20
‌Terefone: +257 22 21 62 55‌
‌Imeri: support@burundifriendschurch.org
‌P. Box: 1198, Bujumbura Burundi
Iyandikishe ku Kinyamakuru
Thank You! Your message successfully sent!
Imbuga zacu

Copyright © Burundi Evangelical Friends Church. All Rights Reserved.

Designed by Young Israel Izere

person
exit_to_app

or

Back to Login